BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Mkombozi yagarutse kwi tabi ryagirizwa aba Rappeur

Mkombozi aremeza ko aba Rappeur harimwo abakoresha itabi kugira muri studio iyo bagiye gukora ngo bigende neza, naho atari bose.

“Sivyo ariko Kandi nivyo, kuko abantu bakoresha amasigareti barabikoresha n’abatari abaririmvyi. Ariko umwe wese Hari abakubwira ngo wanyoye inzoga, uwundi akubwira isigareti, uwundi nawe ntana kimwe akoresha anywa amazi gusa. Umuziki n’inzira, ni ibibarabara, we niwe uca mu nzira wipfuza, igikuru n’ugushika, je nibaza umwe wese afata inzira yiwe, si kuri Bose, ariko vuga gusa umuryambwa aba umwe…”

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu kiganiro The star System kiremeshwa na Landry Promoter, Minouche na Big, ikiganiro gica kuri Black Fm imwe mu nsamirizi nshasha za hano iwacu.

Muri ico kiganiro bakaba bariko bagaruka ku ndirimbo kimwe ku kindi baheruka gushira ahabona, Indirimbo yaririndiriwe n’abatari bake, uno musi imaze kurabwa incuro zirenga 50,000 ku rubuga rwa B Face rwa YouTube.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760