BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Aba Dj 2 b’abarundi, nibo bazoherekeza Bruce Melodie I Paris

Bruce Melodie umwe mu baririmvyi b’abanyarwanda bariko bavyifatamwo neza muri kino gihe, ariko yitegurira uruhererekane rw’ibiteramo azokorera ku mugabane wa buraya.

Mu bimaze kumenyekana harimwo igiteramo kizobera I Paris mu Bufaransa, Aho kizoba igenekerezo rya 11/6.

Muri ico giteramo, naho hataramenyekana ko hari umuririmvyi w’umurundi Ari ku mugabane wa buraya azotumirwa ngo amufashe guteramisha abazoba bamwitabiriye uwo musi. Ariko haramaze kumenyekana abarundi bazoboneka muri ico giteramo naho batazoba bariko baririmba.

Dj Saido na Dj Bobo de Paris n’aba Dj 2 b’abarundi basanzwe babarizwa mu gihugu c’ubufaransa, abo ba Dj 2 bakaba aribo bazoba bariko baravuza umuziki muri ico giteramo nkuko Affiche yashizwe ahabona na Dj Saido ivyerekana.

Abo ba Dj uko Ari 2 bakaba Ari bamwe muba Dj bakunze kwibonekeza mu biteramo vyakira abaririmvyi bakomeye bo muri Africa y’ubuseruko, barimwo aba Sauti Sol baheruka gukorera kuri uwo mugabane.

Mwomenya ko Dj Bobo na Dj Saido aribo bavugije umuziki mu giteramo Big Fizzo aheruka gukorera kuri uwo mugwa mukuru w’ubufaransa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775