BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Daddy Face mu nzira yo gushira ahabona EP nshasha

Mu biyandikishije muri DICOBU Music Awards 2022 harimwo umuririmvyi Daddy Face, nkuko yabiyagiye mugenzi wacu Adijoe mu kiganiro Diaspora Show.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko akirindiriye ko bamubwira uko bazotora, kugira nawe abashe kubishikiriza abafana biwe.

Daddy Face ntiyaretse kuvuga ko abafana nibamutora, agashimwe aruko azoca ashira ahabona EP asanzwe afise iri mu nzira yo gushirwa ahabona.

Muri iyo EP, Daddy Face avuga ko Indirimbo zose zizoba zifise amasanamu, ariko Kandi zikaba zirimwo ama Collabo yakoranye n’abarundi co kimwe n’aba Tanzania.

Daddy Face Kandi muri ico kiyago, yavuze ko iyo EP yiwe ishobora kuzohagararirwa ku bijanye na Promotion n’amashirahamwe akomakomeye kw’isi, hakaba hari mw’ihiganwa Boomplay hamwe na Rockstar, ahari akarusho akavuga ko ariho azocagura.

Mwomenya ko Hampande y’ibikorwa vy’umuziki, Daddy Face asanzwe afise ivyigwa n’ubundi buzima busanzwe asanzwe abayemwo muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775