homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ubutumwa yahaye abakunzi b’intamba mu rugamba

Mu gihe hasigaye imisi itarenga itatu gusa kugira urukino rwo kurondera itike yo gukina inkino za nyuma za Afcon 2019 rw’intamba mu rugamba hamwe na Gabon kugira rube, Nyakwubahwa Revariyano Ndikuriyo asanzwe atwara inama nkenguzamateka ndetse n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yashimiye abajejwe igisata c’umutekano mu kibuga ku nyigisho catunganije cifadikanije n’inzego zijejwe umutekano mu gihugu ku baporisi bazohagarira umutekano mu kibuga no mu micungararo yaco muri iyi misi Uburundi bwimirije gukina na Gabon .

Akaba yasubiye atanga n’ubutumwa ku bakunzi b’intamba mu rugamba abamenyesha y’uko abatazoba bafise amatike batarekuriwe kwegera ikibuga kandi umuntu azoba afise itike yiwe gusa atavyo kwitwaza umwana.

Yasubiye aravuga y’uko amatike yakozwe kuburyo butiganwa nayo uwuzohirahira agafatwa yayiganye ko azosubizwa inyuma bibaye ngombwa anakurikiranwe imbere y’ubutungane.

Akaba yarangije asaba abazoza kurorera urwo rukino bose kubungabunga itike kugira bazoyerekane mu kwinjira isa nk’uko bayibahaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871