homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Jose chameleone abarizwa mu gihugu c’uburundi

Jose chameleon n’umuririmvyi ava mugihugu c’ubugande yakunzwe cane mu ndirimbo ziwe zitandukanye nka Jamila, kipepeyo…..n’izindi nyinshi, zarakuzwe no mu gihugu c’Uburundi.

Biravurwa ndetse nawe nyene ubwiwe ariyemerera ko yigeze kuba mu gihugu c’uburundi imbere yuko amenyekana cane mu mwuga wiwe wo kuririmba.

Unomusi igenekerezo rya 12 Rusama 2022 yakiriwe ku kivuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye hamwe na DJ paulin ari kumwe n’abamenyesha makuru bamuherekeje, ikimuzanye mu gihugu c’uburundi aje mu giteramo kizoba igenekerezo rya 14 Rusama uyu mwaka nyene kuri Entente Sportive muri Évent yateguwe na DJ paulin asanzwe ari nawe arongoye Cristal,
k’umwaka k’umwaka yama ariko arategura igiteramo citirirwa CristalEvent.

Nk’uko nyene DJ paulin akunda kuzana umuririmvyi avuye hanze bagafashanya n’abaririmvyi bo mu Burundi uyu mwaka murabona ko yashimwe kuzana Chameleon.

Mu mateka yiwe DJ paulin ibiteramo vyiwe vyama vyitabirwa n’abantu benshi twizereko nubu bizogenda uko nyene.

Tubibutse ko Jose chameleon atari ubwa mbere ahamagarwa mu biteramo mu gihugu c’uburundi n’ishirahamwe Brarudi ryarigeze kumutumako ari kuri stage vyaraboneka ko abarundi bamukunda

Gumana na Indundi magazine tuzokumenyesha uko igikorwa camuzanye cagenze mugire aho muba mwubahwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755