BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Meili ngo agiye kugaruka ubutagisubira kubura

Meili agize imisi ashikiriza ko Ari mu myiteguro yo kugaruka Vuba Kandi ibintu ngo bikazoba bihagaze neza cane.

Uwo muririmvyikazi vyavuzwe ko yoba agiye gusohora indirimbo arikumwe n’umu Tanzaniyakazi, Zuchu, ngo yoba asa n’uwatevye ngo ariko aritaza.

Amakuru dukura mu begereye Meili akaba avuga ko ngo yoba ariko aritegura kugira aniyagaruka, ntasubire Kandi kunyoteza abakunzi biwe.

Uwo muririmvyikazi akaba yari yaheruka Gushimira abafana biwe, kuko Indirimbo yiwe yaheruka gukwiza Views zirenga 100,000 ico we adafata ibisanzwe kuko ngo Ari ikintu gikomeye kuriwe.

Meili akaba ataravuga neza ryari iyo ndirimbo izosohokera, ariko iya nyuma ikaba yaheruka gushirwa ahabona haraheze amezi 4, ikaba yari Pam Pana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775