BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Muhoza Godas ariko arira ayo kwarika

Amarira ni yose ku muririmvyikazi Muhoza Godas, inyuma y’ukwibwa urubuga rwiwe rwa YouTube.

Ku musi w’ejo, niho hamenyekanye ko urubuga rwiwe rwibwe, Kandi uwarwivye uwo muririmvyikazi yemeza ko Ari I Burundi, kuko yabonye hakoreshejwe num yo mu Burundi.

Uwo muririmvyikazi akaba gushika ubu atarabasha kugarura urwo rubuga, naho abamwegereye bavuga ko batanguye kurondera uko rugaruka.

Umwe mu basanzwe bazobereye mu bijanye n’ukugatura imbuga ziba zibwe, akaba yitabajwe kugura bikunde babashe kugarura urwo rubuga rwibwe.

Amakuru yatanzwe akaba avuga ko izindi ndirimbo zari kuri urwo rubuga zafuswe, mu gihe iyo yaheruka gusohora yo yashizwe muri Private.

Mwomenya ko atabaye uwa mbere, kuko n’abandi batandukanye bagize imisi bibwa imbuga zabo. Bamwe bakabibona bitaraba, abandi bikabananira gukora ariko vyageragejwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779