BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Kidum ashobora guteza Nyamugigima I Bujumbura

Nimbona Jean Pierre benshi muzi nka Kidum ngo azohimbariza hano iwacu imyaka 60 igihugu cacu kuronse intahe yo kwikukira. 

Uwo muririmvyi w’umurundi ari mu bakomeye muri Kenya iyo asanzwe aba, akaba yagabishije abanya Bujumbura ko hashobora kuba Nyamugigima kubera igiteramo azokorera muri Arena uwo musi.

Kidum akaba muri Post yakoze ku mbuga zitandukanye akoresha yabajije igitigiri c’abanya Kenya bazojana I Bujumbura muri ico gikorwa.

Kidum akaba azoba agarutse I Bujumbura inyuma y’imisi akoze ikindi giteramo I Bujumbura ahamagawe na Brarudi mu mugambi wabo wa Amstel Freinds Aho bakoranya abaririmvyi batari bake bagateramisha abantu.

Mwomenya ko Kidum yaramaze igihe kitari gito adakorera igiteramo hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775