BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Ngiki ico Fortran Bigirimana yicuza cane

Naho ngo ku bemera vyose bikoraniriza hamwe ku bagirira neza, ngo ubuto bwa Fortran Bigirimana ntibwari bwiroshe na gato.

Uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa muri kino gihe mu gihugu c’ubufaransa, ngo yatanguye kuririmba afise imyaka 10, inyuma y’ugutahura ko Hari ico Imana imushakako, kuko yamaze kurota 2 ariko aririmba.

Fortran Bigirimana ngo ico yicuza mu buzima gusumba ibindi, n’ukubona atabashije kugiriranira ibihe vyiza agirira mu biteramo akora n’abavyeyi biwe.

Aho ni mu gihe uwo muririmvyi yavuze abavyeyi biwe akiri muto cane, ico avuga ko kitari coroshe kuko muri iyo myaka uba ugikeneye umuvyeyi akwitaho.

Ku myaka 7 y’amavuko, Fortran Bigirimana yabuze mama wiwe, noneho ku myaka 10 aza kubura se amuvyara, nkuko yabiyagiye Jimbere Magazine mu kiganiro Ibibazo 20.

Uno musi Fortran Ari mu baririmvyi b’abarundi baririmba Indirimbo zo guhimbaza Imana b’abarundi bemewe kw’isi, Kandi bubahitse hano iwacu.

Indirimbo igezweho uno musi ikaba Ari “Nawewe” aheruka gushirira ahabona amasanamu yayo, ubu ikaba imaze kurabwa incuro 19,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775