BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Mow Kanzie yambaye isaha zambaye bake hano iwacu

Monna Walda Kaneza benshi bazi nka Mow Kanzie, ashobora kuba Ari mu baririmvyi bambara amasaha azimvye hano iwacu.

Uwo muririmvyikazi akaba Kandi n’umwe mu biyungunganya mu gushinga ubuzi hirya no hino, mu kiganiro aheruka kugirana na Dushi Entertainment, yashize ahabona amafaranga yaguze isaha yari yambaye.

Muri ico kiganiro camaze umwanya muto, yavuze igiciro c’ivyo yarinyambaye. Ikanzu yavuze ko yayiguze 65,000, ibirato 25,000 noneho ashikira isaha, iyo nawe yemeje vyukuri ko izimvye.

Iyo Saha ya Mow kanzie iri mu bwoko bwa Tommy Hilfiger, ikaba iri mu zakorewe abagore. Urwo ruganda ni rumwe mu zikorera ku mugabane wa Amerika zisanzwe zifise uburambe mu gukora amasaha meza Kandi akomeye.

Mow kanzie muri ico kiyago akaba yavuze ko iyo Saha yayiguze amafaranga ya Amerika 250, arenga gato amafaranga ya hano iwacu 750,000.

Uwo muririmvyikazi akaba asanzwe Ari umu Brand Ambassador wa Dream House, imwe mu nzu zigurisha uduhamagazo n’ivyo bijana, akaba Kandi amenyekanisha amashirahamwe atandukanye ku rubuga rwiwe rwa Instagram rugeze ku Barenga 30,000 bamukurikirana. Mow akaba Kandi Ari mu gitigiri c’abagwizatunga ngaha iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775