BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo ntagikoze igiteramo yokoreye mu bwongereza

Mu gihe Big Fizzo yari yitezwe mu Bwongereza kuri uyu wa 4/6 gukora igiteramo cari categuwe na kigali Night Entertainment ngo ntakigiyeyo.

Mu kiganiro uburongozi bw’ico kigo kijejwe gutegura ico giteramo, bagiranye n’ikinyamakuru co muri Tanzania, basavye imbabazi abafana kuba uwo muririmvyi atazobasha kuboneka.

Muvyashikirijwe n’ubwo burongozi, ngo Big Fizzo yabuze Visa izomwinjiza muri ico gihugu, gutyo akaba atazobasha gukora ico giteramo.

Ubwo burongozi bwavuze ko ibindi biteramo biriko birategurwa, ngo bazosubira Kandi bamutumire, ariko bakavuga ko bagerageje gukora ibishoboka ngo abashe kuronka VISA ariko bikaba bitakunze.

Naho Big Fizzo atazokora ico giteramo, ngo ntikigiye guhagarara, kuko kizobandanya hakazoboneka Kitoko bokoranye ico giteramo.

Uwo muririmvyi nawe ku rubuga rwiwe rwa Instagram akaba yamenyesheje ko ikibazo c’ukutazobasha gukora ico giteramo coba kwabaye ugusamara kw’abategura ico giteramo, ngo ariwe yari yipfuza kuhashika akabasha kubaryohera.

Mwomenya ko ico Ari 1 mu biteramo 2 vyari bimaze kumenyekana ko Big Fizzo azokora muri uku kwezi kwa 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775