Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Omar Ntakagero : Imana ibishatse turashobora gutsinda

Umumenyereza w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Omar Ntakagero yavuze y’uko Imana ibishatse mu rukino rwo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwatante ruza kubahuza na Congo Brazzavile bashobora kurutsinda.

Ivyo akaba yaraye abivugiye kuri micro y’indundi Sports igihe yari ahejeje gukora ikiganiro n’abamenyeshamakuru b’inkino kuri Centre Technique mu Ngagara kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 19 Ntwatante 2019.

Omar Ntakagero akaba yaraye yemeje y’uko umugwi wa Congo brazaville ari umugwi ukomeye atari uwoguta munda nsa kandi ufise abakinyi bashika kuri batanu bavuye hanze ariko kuri we abibona y’uko ari ibisanzwe aho avuga y’uko umupira wa Africa ari umwe.

Omar Ntakagero akaba yasubiye aravuga y’uko abakinyi biwe bamaze kumwemerera y’uko bazokwitanga gushika ku munota wa nyuma muri urwo rukino ni navyo arindiriye kubona.

Mukamenya y’uko urwo rukino rw’abatarenza imyaka 23 ruza kubera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudiviko Rwagasore kuri uyu wa gatatu guhera igihe c’isaha icenda 15h00.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878