BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Alvin Smith na Mow Kanzie ngo bagiye guturira Bujumbura

Mu rukurikirana Alvin Smith aheruka gushira ahabona, Indirimbo ya 1 yamaze gutangura gukorerwa amasanamu.

Iyo ndirimbo n’indirimbo So Fire yakoranye n’umuririmvyikazi Mow Kanzie, iyarigize imisi iriko inakorerwa ama Challenge Atari make.

Mu kiganiro Alvin yatanze, yari yamenyesheje ko azoshira ahabona amasanamu buke buke kubera bisaba uburyo.

Nayo Mow Kanzie mu kiganiro na Dushi Entertainment yari yamenyesheje ko iyo ndirimbo yakoranye na Alvin izokorerwa masanamu Vuba cane.

Ku rubuga rwa Alvin rwa Instagram, yashize ahabona amwe mu mashusho azoboneka muri iryo sanamu ry’iyo ndirimbo.

Naho hataramenyekana igihe izoshirwa ahabona, uwo muririmvyi yumvikanishije ko ayo masanamu azoshirwa ahabona Vuba cane, kuko yavuze ngo batangure guharura imisi.

Mwokwibuka ko Alvin yasavye abantu ko boja kwumviriza izo ndirimbo ku mbuga zigurisha umuziki ngo arabe ko yoronka ayo gukora amasanamu y’izo ndirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775