BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Dacia Munezero ngo yarungukiye mu Kiganiro Fun&Fact ca Siren Vibe

Kimwe mu biganiro bikunzwe hano iwacu, n’ikiganiro Fun & Fact gisanzwe gitegurwa n’ikinyamakuru Siren Vibe, kigashikirizwa n’abamenyeshamakuru 4.

Mu kiganiro Hangout ca Jimbere Magazine gikorwa na Kaboss for real c’ino ndwi ya nyuma y’ukwezi kwa 6 duheruka kurangiza, abakora Fun&fact nibo bari abatumire.

Kimwe mu bibazo vyabajijwe, n’uburyo abo bamenyeshamakuru uko Ari 4 bose basanzwe baharurwa mu bakunzwe hano iwacu babasha gukorana, mu gihe tuzi ko abakomeye badakunze gukorana ku bwoba bw’uko umwe yohava akorora uwundi.

Dacia Munezero azwi nka @Dacy_Mun kuri Instagram, aho afise abamukurikirana barenga 16,000 bamukurikirana, yavuze ko kuriwe Ari akaryo keza ko gushikira abo asanzwe adashikira Aho asanzwe akorera nko kuri Instagram canke kuri Yaga.

Nd’umu Vlogeuse muri Yaga, no kuri IG yanje, rero comme nari maze kuba umutumire kwa Hosy, vyari biryoshe kuba utaguma wivugana imbere ya Camera. Kuko ugize Video imbere ya Camera Vite Fait, ntibiba biri Vibe co kimwe urikumwe n’abandi.” yongerako ko ” Le Public yo kuri Instagram na Facebook par Exemple, si le même Public niyo kuri YouTube. Ahubwo numva nije ndahatomborera quelque part, Kuko abantu batari banzi, ngiyeyo n’ibakwe bitera biduga. Nibwira ko nshobora kuba nungutse n’abankurikirana (Followers) kubera bambona muri Siren Vibe, muri Fun&fact.” 

Muri ico kiganiro nyene Hosy Irakoze uwatanguje iyo mboneshakure, yanavuze ko bitamugoye cane kubegeranya kuko bari basanzwe Ari incuti za hafi, ariko Kandi ngo vyanavuye ku buryo ivyo baba bashikirije mu biyago bagirana vyaba vyafashije abakurikira Siren Vibe.

Hosy ,Nikita, Dacia na Darlene bakaba aribo 4 bakora ico kiganiro Fun & Fact bimaze kuboneka ko kidakurikiranwa n’abakiri bato gusa, ariko n’abakuze nabo bagikurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775