BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Social Mula agaruka kucoteza imbere umuziki wa hano iwacu

Icitwazo ntikibe kudahembwa neza, ahubwo ngo ibikorwa vyiza Abe arivyo bivugira umuziki w’abaririmvyi, bikaba vyashikirijwe na Social Mula.

Mu gihe yariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru, Social Mula yagarutse kucotuma umuziki utera imbere.

Social Mula avuga ko abaririmvyi batoguma bahanze amaso abashira amafaranga mu Muziki, ahubwo ngo bakwiye gukora ama Hit.

Kubwa Social ngo izo ndirimbo zikunzwe nizo zizokwereka abantu ikibanza abo baririmvyi bafise, noneho babahembe neza mu biteramo n’ibindi bikorwa.

Kubwa Social Mula ngo ukudahembwa neza mu biteramo ngo s’ikibazo c’abarundi gusa, ngo n’ikibazo kiri mu bihugu bitari bike muri Afrika atibagiye n’Urwanda.

Ivyo bikaba bishikirijwe n’uwo muririmvyi mu gihe hari abaririmvyi batari bake bahagaritse umuziki, imvo zishikirizwa zikaba Ari iburya ry’uburyo eka mbere n’ibura ry’umwimbu w’amafaranga muri uwo mwuga ushaje nk’isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775