EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Abatizanya Password kuri Netflix bafatiwe ibihano

Abakunzi b’amareresi mpuzamakungu akomeye nka Casa del papel n’izindi nta handi barabira Atari kuri Netflix, urubuga ruha akaryo abaruhumbira kuraba amareresi Atari make, ariko nabo bakariha kugira babashe guhabwa urwo ruhusha.

Urwo rubuga rukurikirwa n’ama Miliyoni y’abantu baba kuri uno mubumbe, rukaba rwashize ahabona amakuru ko hari ivyo bahinduye mu vyahora vyemewe.

Abari hano iwacu bakaba bahora bahabwa amajambo y’ibanga (Password), na bagenzi babo bari ku mugabane wa buraya kugira babashe kuraba naho baba batarishe, kubera bo baba barishe, ariko ivyo bikaba bishobora guhinduka Vuba.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru BFMTV abishikiriza, ibihugu 5 vyo ku mugabane wa Amerika y’epfo, vyahinduriwe Aho uwundi akoresheje iryo Jambo ry’ibanga( Password ), ategerezwa kurihishwa amafaranga yababa 10,000fbu(3$) mu gihe amaze indwi 2 ayikoresha.

Ivyo ngo bikaba bitazogarukira ngaho nkuko ayo makuru abandanya abishikiriza, ngo kuko uwo mukenyuro uzogeragezwa no mu bihugu vy’iburayi nk’ubufaransa.

Naho hafatiwe ibihano abarenga 100,000 bari basaznwe batizanya iryo Jambo ry’ibanga, ngo ico kigo gishobora gutanguza uburyo bwo gutanga ubushobozi bwo kuraba izo reresi ku buntu, ariko ngo hagacishwamwo ama Publicity kugira urwo rubuga narwo rubashe kugira ico rwinjiza.

Ivyo bikaba bizoshoboka kubera amasezerano yo gukorana hagati ya Netflix na Microsoft, bikaba bizoca bituma abakurikirana urwo rubuga biyongera, cane cane hano iwacu muri Africa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769