EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Uwo Diamond Platnumz yashizemwo amahera ngo ntamuva mu menyo uko 

Diamond Platnumz yatanze umuco ku kibazo kigize imisi kivugwa ko abaririmvyi bo muri Wasafi baguma bavayo buke buke.

Uwo muririmvyi w’umu Tanzania avuga ko abaririmvyi bo muri WCB aribo baririmvyi binjiza amafaranga menshi gusumba abandi muri ico gihugu.

Diamond akaba avuga ko ico ari ukubera baba babashizemwo amafaranga atari make kugira bave hamwe baje ahandi.

Diamond akaba avuga ko abo baririmvyi bagira amero iyo amahera atanguye kwinjira, kuko baba bumva ko ayo mafaranga boyarya bonyene, mu gihe hari Ababa babashizemwo amafaranga.

Diamond Platnumz akaba ataretse kuvuga ko ariho biva bigoranira kuko badaheza ngo bumvikane uko ukwo gukorana kwabo kwohagarara mu mahoro.

Diamond yanishuye abavuga ko amasezerano abaririmvyi bahabwa muri WCB ataco abafasha mu kwinjiza amafaranga ngo babesha. Uwo muririmvyi akaba avuga ko atarivyo na gato, kuko uretse Diamond ngo abandi baririmvyi binjiza amafaranga menshi muri Tanzania Ari abo muri WCB gusa.

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabiyagiye DW mu kiganiro co mu giswahiri yagiranye n’ico kinyamakuru c’abadagi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769