homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Girukwishaka Michel agiye gusubira mu kibuga

Uwahoze ari umukinyi wa kera w’umugwi Vital’o Fc Girukwishaka Michel agiye gusubira mu kibuga inyuma y’imvune yari amaranye umwaka urenga.

Michel akaba yagize imvune ikomeye kw’ivi ryiwe agikina mu mugwi wa Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega yatumye ata icizere c’uko yosubira mu kibuga .

Aganira na Indundi Sports yemeye y’uko ubu amagara yiwe yifashe neza naho atararonka umugwi akinamwo.

” Ego ubu mpeze neza cane inyuma y’imvune nari maranye umwaka n’igice mfise ndaryohewe kubona ngiye gusubira mu kibuga kuko nari namaze guta icizere c’uko ntazosubira mu kibuga ariko Imana yabikoze”.

Girukwishaka Michel akaba ari umukinyi w’imyugariro , yaraciye mu migwi ikomeye nka Prince Louis , Vital’o Fc, Inter Star, Olympic Star, Musongati Fc , hamwe na Kiyovu Sports yo mu Rwanda, akaba ari no mubakinyi bafashije Vital’O Fc gutwara igikombe ca CECAFA Kagame Cup cabereye mu gihugu ca Sudan mu mwaka wa 2013 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871