BurundiEntertainmenthomepagekirundi

“Aba niga 2 n’ibebi 1” yagarutse izananyemwo Kigingi na Gasore

Mu misi iheze mu makuru twari twabashikirije twari twagarutse ku dukino tugize imisi turiko turarabwa cane hano iwacu ku mbuga za Youtube na Facebook, zigize imisi zihurumbiwe n’abakinyi b’amareresi kubera akarusho bahakura.

Muri urwo dukino, hari udutegurwa n’ibinyamakuru birimwo na Collectif y’aba Bloggeur ariyo Yaga. Ako gakino basanzwe bategura kakaba kiswe “Aba Niga 2 n’ibebi 1”. Ako gakino kari kakunzwe na benshi kakaba kari kagize imisi katakiba, aho bamwe bari bibajije ivyabaye ariko ntibabimenya, none Saison ya 2 yako yabonetse.

Muriko, hampande ya Alvin Smith, Monna Walda na Jesus Audry bari basanzwe barakinye muri Saison ya mbere, Kigingi na Gasore nabo binjiye muri ako gakino.

Ubutumwa bwabonetse muri ako gakino k’iminota 5 katanguriye Saison ya 2 bukaba bwagaruka ku nduru batera mw’ijoro ryo muci, aho abantu baba batagishobora kuryama kubera imanza n’ugutamba kwa cane kuba kuri muri iyo nzu, ikigeretseho akaba ari itangwa ry’amafaranga y’inzu (Amezi 4) atashitse kwa nyene inzu, agobejwe n’umwe muribo, ariwe yategerezwa kuyatanga.

Ubu bikaba bigoye kuvuga ryari iyindi izohava isubira kubonekera kuko nimba bitahindutse, uduce (Episodes) tugize Saison ya 1 y’iryo reresi tukaba tutasohokera igihe kingana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775