BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ivya Don Brighter na We Love Music bishitse mu butungane…

Ivyashikirijwe na We Love Music ko watandukanye na Management bahoramwo ariyo db Music Entertaiment bishobora kuba ari impfagusa kuko amasezerano bari bafitaniye n’iyo management ngo ntirahera.

Don Brighter asanzwe arongoye db Music Entertaiment avuga ko ivyo abasore bari muri We Love Music barimwo atavyo azi kandi ko batariko bakora nk’uko bemeranije mu masezerano bafitaniye, azomara imyaka 5.

Uwo mugabo asanzwe abarizwa ku mugabane wa Amerika avuga ko ikibazo gihari ngo kitari hagati yiwe n’umugwi basanzwe bafitaniye amasezerano, ahubwo ngo kiri hagati mu mugwi indani, kuko muribo hari imigwi 2. Hakaba harimwo 1 ushaka gukora, mu gihe harimwo uwundi we ngo ivyo gukora atavyerekwa.

Don Brighter avuga ko ikibazo gisa n’icabuze umuti ngo catanguye ata n’umwaka urahera batanguye gukorana, ariko baguma bagwazagwaza gushika vyanse.

Don Brighter avuga ko amasezerano bafitaniye ngo yaranashatse guhindurwa bivuye ku bagize umugwi We Love Music, ariko bikaba bitakunze kuko ca kibazo gisanzwe kiri hagati yabo kitari bwatorerwe umuti, kuko umwe yashize umukono ku masezerano mashasha ariko uwundi we aranana aranka.

Imiliyoni zirenga 20 ngo nizo uwo muririmvyi ashobora kuba amaze gushira mu bikorwa vy’abo baririmvyi, ariko ngo gushika ubu ntaco arinjiza kuko abaririmvyi batari bwatangure kwinjiza amafaranga, kuko ngo n’ibiteramo bahabwa amafaranga make cane, ivyatumye adashima ko bitabira ibiteramo baba batumirwamwo bitari bike.

Ku kibazo c’uko azohava yitura ubutungane ngo asubizwe uburyo yakoresheje mu muziki w’abo basore, akaba avuga ko biramutse bishitse mu butungane ngo nta kindi azoba agishoboye ngo abo mu butungane nibo batoheza bagakora akazi kabo.

Don Brighter mu kiganiro na Juste Gael akaba yavuze ko aho bigeze ngo Business mu muziki w’Uburundi wishwe n’ico bita Hit.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775