BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Samandari akuriye inkoni ku gishitsi abaririmvyi

Impari muri kino gihe ni zose ku kijanye n’abasanzwe bakora umwuga wo gutamba babicishije ku mbuga zisanzwe zihurirako benshi, les reseaux sociaux mu kinyamazuru, kuko ngo baterekwa indirimbo za hano iwacu.

Izo mpari zikaba zishikirizwa n’abaririmvyi aho bavuga ko ukwo kudatamba indirimbo z’abarundi ngo naco kiri mu bizingamitse umuziki wa hano iwacu, ico abasanzwe bakora uwo mwuga batemeranya nabo.

Mu kiganiro na Jimbere Magazine, umwe mu basanzwe bakunzwe muri uwo mwuga hano iwacu ariwe azwi kw’izina rya Samandari akaba yatanze umuco kuri ico kibazo, aho avuga ko ikibuze ari ugufatanya hagati y’abaririmvyi n’abasanzwe bakora uwo mwuga wo gutamba.

Yagize ati :“Nibaza ko ari ubwo bumwe bubuze hagati yacu, gutahurana ko turi aba Artistes bakora ibintu bibiri bifashanya, sinon nibaza ko gutamba indirimbo zabo twama tuzitamba, ikibazo ntidushobora kuguma dutamba indirimbo zabo gusa.”

Samandari akaba muri ico kiganiro yanavuze ko uno musi uwo mwuga naho utarakirwa nk’uko bavyipfuza ngo hariho akarusho kuko ubu barinjiza agafaraga na gakeya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775