East Africa Newshomepagekirundikirundi_SportsMagic Soldier KingorongoroP squareTanzaniaYvan muziki

Perezida Magufuli yahaye abakinyi biwe ibibanza vyo kwubaka

Abakinyi b’umugwi nserukiragihugu wa Tanzania bahawe ibibanza vyo kwubaka amazu mu gisagara ca Dodoma.

Inyuma y’aho umugwi wa Tanzania Taifa Stars utsindiye ibitsindo 3 ku 0 umugwi nserukiragihugu wa Uganda “Uganda Crans”, umukuru w’iguhugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yaciye yemerera abakinyi biwe ko agiye kubaha ibibanza vyo kwubaka amazu biri Dodoma.

Akaba yabemereye ako gashimwe abakiriye iwe i Dar es salaam aho yavuze y’uko bakoze akazi gakomeye cane mu guhesha iteke umugwi nserukiragihugu wa Tanzania mu gukatisha itike yo gukina igikombe ca Africa AFCON2019 kigiye kubera muri Misiri mbere aranemeza y’uko abo bakinyi bazokwitwara neza muri ayo mahiganwa .

Akaba yagize ati : “Ndemeza y’uko abakinyi bacu bazokwitwara neza muri Misiri kandi nshaka muzoshiremwo inguvu muzane igikombe”.

Magufuli akaba akoze ivyari vyakozwe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Congo RDC Joseph Kabila Kabange aho yigeze guha umugwi nserukiragihugu wa Congo w’abakinyi bakina iwabo igihe bari bamaze gutahukana igikombe ca CHAN 2015 yabereye Mu Rwanda aho uyo mukuru w’igihugu ca Congo yahaye ibibanza vyo kwubaka abakinyi ba Congo ndetse n’imiduga iri mu bwoko bwa V8.

Mukamenya y’uko Tanzania yari mw’itsinda rimwe na Uganda , Lesotho hamwe na Cap- Vert. Muri iryo tsinda imigwi yaronse uburenganzira bwo kwitabira izo nkino za AFCON2019 akaba ari Uganda yafashe ikibanza ca mbere hamwe na Tanzania yafashe ica kabiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872