footballhomepagekirundikirundi_Sports

Indundi Sports | Ivyo Fondation Pax Burundi imaze kurangura nivyo igiye kurangura mu misi iri mbere

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 14 Myandagaro 2022 isaha zine zo mugitondo 10h00 kuri Tropitel Hotel ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, ikigo  Fondation Pax Burundi cari kiramutse gitunganya ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubaganirira muri rusangi ibijanye n’ibikorwa n’imigambi ya Fondation Pax Burundi .

Kuri micro y’icegera c’uwurongoye Fondation Pax Burundi Niyonkuru Domitien, yaciye kumayange ivyo bamaze kurangura:

-Gushinga Aigle Noir Cs na Tigre Noir Worrios

– Gushinga umugwi wa Basketball

– Gushinga i Radio Eagle Sport

– Kwubaka ikibuga ca Nkurunziza Peace Park Complex Stadium

– kwubaka ihinguriro rikora amazi yo kunywa ryitwa Eagle Mineral Woter

– Eagle Security Service

– Umugambi w’ihoteri ya Aigle Noir Cs

– Umugambi wo gushigikira abenegihugu cane cane mu gisata c’indero aho hari ishure Collège Communal ryubatswe na Fondation Pax Burundi

– Igikombe ca Nkurunziza Cup

– Igikombe c’incungu muri Basketball

– Lac Tanganyika Cup ihiganwa rihuza ibihugu vyo muri kano karere

– Agriculture Project n’umugambi w’uburimyi n’ubworozi aho kubikorwa biriko birarangurwa na Fondation Pax Burundi basanga ari ngombwa ko hari n’imigambi idasigara inyuma nk’uburimyi kugirango bafashe urwaruka canke abakozi ba fondation aho hari ama hegitari 15 ziri muri Mukike muri Bujumbura Rural na hegitari 15 ziri muri Karusi izo zikaba zirimwamwo ibigori , ibiraya n’ibindi,

– Gushinga umugwi wa Athetisme

– Gushinga Aigle Noir y’abigeme mu Kirundo

– Academy Aigle Noir

Iyindi migambi igiye gushirwa mungiro na Fondation Pax Burundi

– Hariho Hotel Business Center iriko irubakwa i Makamba

– Hazokwubakwa Sale de Conférence i Makamba izoba ishobora kwakira abantu 1200

– Umwanya n’umwanya Fondation Pax ishobora kwubaka Centre Technique mu Rutovu ahitwa mu Mugamba mu Ntara ya Makamba .

– Centre Sportif ishobora kwubakwa mu gihugu ca Tanzania aho ico gihugu cabasavye y’uko bobazanira Academy ya Aigle Noir Cs iyo ikazokwubakwa i Dodoma .

– Azam Tv izoza irerekana inkino zose za Aigle Noir Cs ariko atari Live, babanza kufata amasanamu munyuma bace bayerekana urukino rumaze kurangira .

– Gushigikira indero mu misi iri mbere muri Commune Musigati mu Ntara ya Bubanza kuri Lycée iri ku Muyebe Fondation pax izokwubaka amashure

– kuzoshigikira ikibuga c’umupira w’amaguru co mu Ntara ya Karusi aho Fonation Pax yiyemereye kwubaka ubwugamwo bw’iteka bugira kabiri .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890