homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Ngendakumana yatanguye imyimenyerezo muri Olimpik Kirovograd

Simplice Ngendakumana arashima ukuntu amerewe mu gihugu ca Ukraine.

Igenekerezo rya 12 Ntwarante umwaka uyu mwaka wa 2019 niho umukinyi w’inyuma mu umugwi LLBs4A Simplice yashika mu gihugu ca Ukraine ashikira mu mugwi wo mu cicaro ca gatatu witwa Olimpik Kirovograd .

Ayaze na Indundi Sports Simplice yahumurije abakunzi biwe y’uko ameze neza muri uyo mugwi anamenyesha ko amaze no gukina inkino zigera kuri zibiri za kivandimwe mu ntumbero yo kwimenyereza kandi zose ngo yama atanguye mu kibuga.

Simplice yagize ati : “Nashitse neza muri Ukraine meze neza nkaba maze no gukina inkino zigera kuri zibiri z’ikivandimwe naho zose twazitsinzwe ariko vyose ndashimira uwuhoraho”.

Simplice Ngendakumana akaba yatwemereye y’uko azotumenyesha mu misi iri imbere ikizovamwo muri iryo geregezwa ryiwe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871