BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Audio ya Mafu ngo yamutwaye ayarenga 1,000,000 fbu

Indirimbo Mafu Masterland aheruka gushira ahabona avuga ko ishobora kuba ariyo ndirimbo yiwe ya mbere yamugoye cane gusumba izindi.

Uwo muririmvyi avuga ko iyo ndirimbo ngo yaciye mu minwe y’abahinyanyuzi bo mu bihugu 3 vyo muri kano karere, ariko ngo 80% yayo ngo vyakorewe hano iwacu.

Masterland avuga ko yahuye n’ibibazo vyo gutanga amafaranga atari make ku bahinyanyuzi batandukanye ngo bamukorere igikorwa gishobora kurengana imbibe z’Uburundi, aho vyamutwaye amafaranga arenga gato 1,000,000 w’amafaranga ya hano iwacu.

Masterland avuga ko ivuye hano iwacu, yaciye mu Rwanda noneho iruhukira mu Buganda kuko yasanze hariho abatariko baha agaciro ico gikorwa, noneho yemera kuriha uwundi ngo aheraheze ico gikorwa, niko guhabwa iyo ndirimbo n’umuhunyanyuzi wo muri Uganda.

Uwo muririmvyi ngo si ivyo gusa vyamubayeko kuko bariko bakora amasanamu yayo ngo barabivye Camera bariko bakoresha.

Mwomenya ko iyo ndirimbo imaze kurenza abantu 100,000 bamaze kuyiraba ku rubuga rwa YouTube, aho ubu imaze gufata ikibanza ca 5 mu kwezi 1 gusa, mu gihe izindi ndirimbo ziwe ziza imbere yayo zimaze igihe kirenga imyaka 2 zikozwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775