BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Uguhagarika ivya YouTube kuri Minouche ngo ni nk’umugani

Uwuvuze Ange Minouche uno musi ku basanzwe bakunda imbuga ngurukanabumenyi, nta wutomumenya, kuko ari umwe mu bigeme bakunzwe cane kuri izi mbuga.

Minouche naho akunzwe, ngo ako kazi ntikamworoheye kugira abashe kwubaka izina. Ariko ngo ntiyigeze yumva yogaheba kuko we yarazi ico yashaka.

Mu kiganiro yagiranye n’umu Youtubeur yitwa Townnaire yavuze ko buri gihe agize ikibazo ngo yiga iyindi nzira yotuma abo akeneye abaronka, kuko hari abaririmvyi batashotse bamwakira mu gitigiri c’abo baha ibiganiro.

Minouche avuga kandi ko ata mugambi afise wo kubihagarika naho atararonka uwumushigikira, kuko we ico ashaka yari amahera kandi yabonye ko iyo ari imwe mu nzira zomushikana kuyaronka.

Minouche akaba ari umwe mu bigeme basanzwe bafise imbuga za YouTube zikunzwe, ariko kandi zinafise abakozi batari bake basanzwe bakoresha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775