BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Masterland yavuze kuvy’ubugeni bwiwe

Masterland ngo birashoboka ko ashobora kugira ubugeni mu misi iri imbere.

Bitandukanye n’uko vyari mu myaka yahera, ubu nta mwaka uhera ata muririmvyi akoze ubugeni, na Masterland nawe ngo bashobora kumwitega.

Naho atashikirije umusi nyezina, canke ngo ahakane ko atazobugira, Masterland yaremeje ko afise umukunzi, kandi ko bamaranye igihe kitari gito, imisi itari musi y’700.

Imvo yatumye uwo muririmvyi adashima kumushira ahabona hakiri kare, ngo n’uko we adashima kurira agafi ku mugaragaro, ahubwo akunda ibintu bigenda bukebuke.

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Akezanet aho yagize ngo : “Tumaranye imyaka 2, (Twitegurire ubugeni ejo bundi?) Birashoboboka canke bigafata umwanya, kuko ikintu cose kibera igihe caco. Yongerako ngo : “Sinkunda ibintu vya vyacitse, je nkunda ibintu bigenda biri Quit, kuko nasanze ibanga ry’ibintu bihambaye ntibibera mu nduru, bibera mw’ibanga.”

Masterland akaba abishikirije mu gihe mu myaka iheze ataretse kwagirizwa abigeme batandukanye barimwo n’abamenyekanye cane muri kino gihe hano iwacu, hanashirwa ahabona amashusho amwe amwe aberekana bari kumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775