abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Ramazani Largie yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze urukino

Umukinyi Ramazani Largie afise abavyeyi bamuka mu Burundi ariko we akaba afise ubwene gihugu bw’Ububirigi ,ibintu biguma bigenda neza mw’ihiganwa ryo muri Espagne Laliga.

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 23 Myandagaro 2022, umugwi UD Almeria asanzwe akinamwo wari wakiriwe na Elche Almeria mu rukino rw’indwi ya 2 rw’ihiganwa ryo muri Espagne Laliga, urwo rukino rwarangiye iyo migwi inganije igitsindo 1 kuri 1.

Umukinyi Ramazani Largie niwe yatowe nk’umukinyi yaranze urukino ( Man of The Match) kuko yarabiciye biracika muri urwo rukino .

Mwomenya ko umugwi wa Nantes Fc wo mu gihugu c’Ubufaransa watanguye kurondera uwo mukinyi kugira aze kuwufasha mu mahiganwa rya Europa League.

Mukibuka ko uwo mukinyi mundwi iheze mu rukino rw’indwi ya mbere rwa Laliga rwabahuje na Real Madrid yinjije igitsindo naho umugwi wiwe wa UD Almeria watsinzwe ibitsindo 2 kuri 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851