abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Uburundi bushobora gukinira urukino rwa kivandimwe muri Maroc

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ushobora gukina urukino rwa kivandimwe n’igihugu kitaramenyekana mu kwezi kwa Nyakanga .

Ivyo bikaba vyarawe bivuzwe na Team Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constatin mu kiganiro yariko akorera kw’iradio Buja Fm igihe bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru Arsene Bucuti na Rukundo  Blaise Paulin bari  bamwakuye .

Urwo rukino rwa kivandimwe ruzobera mu gihugu ca Maroc nk’uko vyashikirijwe na Mutima Constatin .

Mwomenyako mu misi iheze uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Police Muyenge Alexandre yashize umukono ku masezerano yo gufashanya n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321