Mu makuru yacu duheruka gushikiriza twababwiye ko Mkombozi afise umugambi wo gusanga abakunzi biwe hose mu ntara hagati mu kubateramisha igikorwa kikaba caratanguye. Yatanguriye i Makamba hakurikira mu Cibitoke ca Rugombo, Nyanza-Lac, i Bujumbura, i Bubanza. Uwo mugambi urabandanya ngo azogenda atumenyesha uko bizogenda birakurikirana ahazoba haramukiwe kugenda.
Mu kurindira twaciye tubona acishije ku rubuga rwiwe agira ati: “Kw’isabukuru ry’umwana wanje Nadine ngiye kubaha Ep yanje.”
Indundi magazine twaciye tumurondera kugira tumenye ido n’ido
Kumurongo wa téléphone indundi magazine na Mkombozi:
Indundi: hello Mkombozi umeze neza?
Mkombozi: Ndashima Imana namwe?
Indundi:natwe turaho kweli twabonye ngo ugiye kuduha Ep yawe ku musi w’amavuko y’umwana wawe izoba ari ryari?
Mkombozi: izoba ari igenekerezo rya 21 Gitugutu uyu mwaka nyene
Indundi: Ep izokwitwa gute? izoba igizwe n’indirimbo zingahe?
Mkombozi: Yitwa ” Afrika” indirimbo zizoba ziyigize sindashima kuzivuga kubera mfise indirimbo nyinshi n’ukubanza kuzitora gusa iconzi zose zizoba ari nshasha
indundi: Reka tugushimire uroranirwe mu bikorwa vyawe
Mkombozi: Murakoze cane namwe ndabashimiye mugire n’akazi keza ng’aho kuri Indundi.
Turabakunda cane bandanya mudukurikirana kuri Indundi magazine tuzokumenyesha uko bizoba bitunganije kwose.