BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ihura rya Dj Veezzy na Big Fizzo ngo ni Manager Edith Stein

Imbarutso ry’ihabwa amasezerano na Bantu Bwoy ngo n’uburyo Big Fizzo yashimye ivyo Dj Veezzy yavugije mu giteramo uwo muririmvyi yari yatumiwemwo mu gihugu c’Ubutariyano.

Ariko ngo ihura ry’abo ubwa mbere ngo hari mw’ifatwa ry’amasanamu y’indirimbo “Goût Yanje” yafatiwe mu gihugu c’Ubutariyano, hari igihe kitari gito imbere y’uko bakorana.

Uwo mu Dj asanzwe akorera ibikorwa vyiwe muri Italie avuga ko ugukorana na Big Fizzo ngo yabibonye nk’ibizomufasha kwugururirwa imiryango hano iwacu, muri uwo mwuga wiwe w’ubu Dj.

Dj Veezzy mu kiyago na Kaboss yavuze kandi ko uguhura na Mugani Désiré vyavuye kuri Manager akaba n’umutambukanyi wa Big Fizzo yari asanzwe ari incuti y’umuryango w’iwabo.

Mwomenya ko uwo musore ariwe mu Dj Official wa Bantu Bwoy ku mugabane w’Uburayi, ariko kandi akaba asanzwe anategura ibiteramo kuri uwo mugabane, aho anamaze kumutumira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775