abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Evariste Ndayishimiye | Kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru, umwe mu migambi 3 yihuta

Amakuru duhejeje kuronka twakuye ku rubuga rwa radio Isanganiro, ni uko igihugu c’Ubuyapani kigiye gutanga imiriyaridi 30 z’amadorari y’abanyamerica mu ntumbero yo gushigikira iterambere ry’ibihugu vya Africa harimwo n’Uburundi , mu kiringo c’imyaka 3.

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Général Major Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa mbera waraye uheze igenekerezo rya 29 Myandagaro 2022, igihe yari avuye mu gisagara ca Tunis mu gihugu ca Tunisia aho yari yitavye inama y’imisi 2 yahuje igihugu c’Ubuyapani n’ibihugu vya Africa .

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyeshaje ko ibihugu vyasabwe guca bishikiriza imigambi yofatwa mu mugongo . Kubw’iwe, imigambi yihuta bashikirije ni kwubaka ibarabara ryagutse rizofatanya igisagara ca Bujumbura na Gitega, kwubaka ikibuga c’inkino z’umupira w’amaguru gikwije ibisabwa hamwe no kwubaka ibigo 5 vy’imyuga.

Iyo migambi yose amaze kuyishikiriza ngo barayumvise neza cane.

Hampande y’ico kibuga gishobora kuzokwubakwa na Reta, hari ikindi kibuga FIFA yari yemereye Uburundi  n’ibindi bihugu vyo muri Africa

Mukibuka ko Uburundi bwama bwakirira inkino zazo mu gihugu ca Tanzania, aho usanga buri gihe bwakiriye muri ico gihugu usanga bwatanze imiriyoni 20 z’amafaranga y’amashilingi, mu marundi ni imiriyoni 29.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321