Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Fréderic Nsabiyumva agiye gukina ku mugabane wa Buraya.
Nsabiyumva yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Vasteras SK ukina mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Suède mu kiringo c’umwaka.
Uwo myugariro w’Intamba mu rugamba vyavuzwe ko ashobora kugurwa n’umugwi Simba Sc wo mu gihugu ca Tanzania ariko birangiye yerekeje i Buraya.
Nsabiyumva yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Athletico Olympic hamwe na Vital’o Fc mu gihe muri Africa y’epfo yakiniye imigwi ya Jomo Cosmos na Chipa United .