BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mubo iwacu ngo nta wuragera guhembwa nka Harmonize na Bruce Melodie

Abaririmvyi bidoga ko hahamagarwa abaririmvyi b’abanyamahanga hano iwacu bagahabwa amafaranga y’umurengera ngo nibareke kwimaramaza ahubwo baje ku kivi, ivyo biheruka gushikirizwa na Dj Paulin ubwiwe, ari mu basanzwe bategura ibiteramo.

Aho yaganira na Juste Gaël yavuze ko abaririmvyi b’abanyamahanga bahamagarwa gukora ibiteramo mu gihugu, ngo aba ari abaririmvyi b’ibihangange iyo basohoye ikintu, ubona ko gishika kure mu mwanya muto.

Dj Paulin akaba ataretse kuvuga kandi ko abo baririmvyi bamana imyidogo ata n’umwe akomeye nk’abo bahamagarwa, akaba ahamagarira abo baririmvyi guhaguruka, bakaja ku kivi bagakora kugira nabo bashike kure, gutyo ngo bazogira uruvugiro.

Nayo ku kibazo c’uko hoba habuze amafaranga ngo abaririmvyi bacu bashike ku rundi rwego, ngo si vyo na gato, kuko abatari bake muri bo ngo barayafise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775