BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Drama T yoba yaraguze Views ku ndirimbo MADAMU yakwije views 1,000,000?

Drama T uwundi muririmvyi agiye mu gitigiri c’abaririmvyi bafise indirimbo zimaze gukwiza 1,000,000 views ku rubuga rwa YouTube.

Izo 1,000,000 views zibonetse zikaba zabonetse ku ndirimbo MADAMU yaheruka gushira ahabona, haraheze ukwezi 1 gusa.

Ubu hakaba hari impari zo kwibaza ko uwo musore yoba yaraguze Views, kuko ari imboneka rimwe hano iwacu gukwiza izo views mu mwanya muto.

Urubuga SocialBlade rwegeranya amakuru ku mbuga za YouTube rwerekana ko urwo rubuga [ Drama T] mu kwezi kw’umunani  rwungutse abamukurikirana barenga 13,000, nayo views yaronse izirenga 500,000. Kuva mu ntango z’ukwezi kw’icenda gushika ubu naho akaba amaze gukwiza izirenga 400,000 zindi.

Urwo rubuga rwerekana kandi ko agisohora amasanamu y’indirimbo Your Man, mu kwezi kw’indwi muri 2021, mu mezi 4 yakurikiye urubuga rwiwe rwungutse abantu 6,320 [ 3,410 mu kw’indwi, 1430 mu kw’umunani, 1060 mu kw’icenda, 420 mu kw’icumi] , na Views 201,977 [ 54,881 mu kw’indwi, 54,052 mu kw’umunani, 63,562 mu kw’icenda na 29,482 mu kw’icumi].

Aho mukamenya ko kuva mu mwaka wa 2020, uwo musore atari bwabashe gukwiza Views 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube rwose mu kwezi 1 [ video zose ziba zaronse].

Bikaba bigoye rero kwemeza ko yoba yaraguze, kuko uburyo bwo kumenyekanisha indirimbo bwagwiriye, kandi n’urwo rubuga rubasha kumenyekanisha cane Videos ziba zakunzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775