abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Ikibuga intwari kigiye gusanurwa mu buryo mpuzamakungu

Uburundi mu mezi ari mbere bushobora kugira ikibuga cakira inkino mpuzamakungu.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Nyakanga 2022, niho abarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bari bakoranye mu ntumbero yo kwiga ingene ikibuga intwari cosanurwa kugira cemererwe kwakira inkino mpuzamakungu.

Mu majambo yashikirijwe n’icegera ca mbere  c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Nimubona Arcade, yavuze y’uko mu ndwi imwe ibikorwa vyo gusubiramwo ico kibuga bizoba bitanguye.

Ico kibuga bikaba bitegekanijwe y’uko kirangira mu mezi umunani ari mbere.

Uburundi bukaba bumaze amezi atari make bwakirira imigwi yo hanze mu gihugu ca Tanzania, aho wasanga gukota ikibuga conyene vyasaba y’uko uburundi buriha imiriyoni 20 z’amafaranga yo muri Tanzania twita ama Shillings.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205