abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 17 zaraye zinyagiwe n’Ubuganda

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 waraye utakaje urukino rwa mbere rwa Cecafa.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 03 Nyakanga 2022, niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 wakina urukino rwa mbere rwa Cecafa -17 Afcon Zonal Qualifiers ruriko rubera mu gihugu ca Ethiopia, urwo rukino rukaba rwarangiye Intamba mu rugamba zinyagiwe n’Ubuganda ibitsindo 4-0.

Intamba mu rugamba zikaba zizokina urukino rugira kabiri ku musi w’Imana igenekerezo ry’9 Gitugutu 2022 n’umugwi nserukira gihugu wa Sudani y’epfo.

Mwomenyako uwo mugwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 17 umenyerezwa na Alain Olivier Niyungeko batazira Mutombola .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321