BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Abateguye igiteramo ca Kigingi muri Sweden barasaba imbabazi

Umwe mu bateguye igiteramo ca Kigingi co muri Sweden mu gace kitwa Uppsala yasavye ikigongwe kubera utubazo tumwe tumwe twabaye muri ico giteramo.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, yanditse ashimira abitavye ico giteramo, hamwe n’umutima wo kwihangana berekanye.

Muri iryo tangazo nyene, uwo yateguye ico giteramo, yamenyesheje ko hari amakosa yavuye kw’itunganywa ryaco, ariko kandi akanavuga ko hari n’ayandi yavuye mu bindi, aho yavuze ko bakiriko barabisabira umuco.

Akaba yagize ati : ” Nashaka gusaba imbabazi bimwe bivuye ku mutima ku giteramo ca Kigingi cabaye itariki 1 gitugutu i Uppsala ku makosa atari mato yibonekeje mw’itunganywa ryaco.” Yongera ngo : ” Hakaba n’izindi mvo zitatuvuyeko, tubandanya dusabira umuco ku babijejwe. Mwarakoze kwitaba igiteramo, kandi mwarakoze kwihanganira ivyashitse.”

Ivyo bikaba vyashikirijwe mu gihe Kigingi nawe yaheruka gushimira akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram ababashije kwitaba ico giteramo.

Ico giteramo kikaba arico giteramo ca 1 cabaye mu ruhererekane rw’ibindi bimaze kumenyekana, kuko muri iyi misi nyene agiye kwerekeza i Paris mu kindi giteramo yateguriwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775