BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Dj Bobo buca yakira Shaddy Boo na Kayihura i Paris

Dj Bobo de Paris umwe muba Dj b’abarundi bariko bavyifatamwo neza, buca asubira kandi kwakira abandi baririmvyi batandukanye muri ico gihugu.

Mu misi iheze twari twabashikirije ko uwo mugabo asanzwe akora akazi ko kuvanga umuziki ari mu bakiriye abaririmvyi bakomeye barimwo abo mu karere no muri Afrika, n’ubu agiye kwakira abandi baririmvyi bo mu gihugu kibanyi.

Dj Bobo yabonetse mu gitigiri c’aba Dj 2 bazokwakira umuririmvyi w’umunyarwanda Mike Kayihura hamwe n’umu Socialite w’umunyarwanda Shaddy Boo.

Bobo nk’uko nari ndabibabwiye ntazoba ari wenyene ariko azoba arikumwe n’uwundi mu Dj w’umunyarwandakazi asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu c’ububirigi ariwe Dj Flor.

Ico giteramo kikaba kiriko gitegurwa n’amashirahamwe 2, arimwo Jenny Events ryateguye igiteramo Mugani Désiré yakoreye muri ico gihugu c’Ubufaransa.

Mwomenya ko Dj Bobo ari muba Dj 2 bakomeye muri ico gihugu bakomoka muri Africa bakira abaririmvyi batari bake mu biteramo bakorera muri ico gihugu, cane cane mu gisagara ca Paris.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775