homepagekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld NewsYvan muziki

Zidane yemanze y’uko Paul Pogba azi umupira bimwe bikomeye

Umumenyereza w’umufaransa amenyereza Real Madrid Zinedine Zidane aremera Paul Pogba.

Inyuma y’urukino rwo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 31 Ntwarante rw’ihiganwa ryo muri Espagne Laliga rwaraye ruhuje Real Madrid hamwe na Huesca zinedine Zidane yaraye yemanze y’uko Paul Pogba azi umupira bimwe bikomeye.

Zidane ati : “Ndamuzi neza ni umukinyi wo hagati kandi afasha abasatirizi gusatira arazi n’ukuzibira ariko si umukinyi wanje n’umukinyi wa Manchester United”.

Paul Pogba ngo yahora avuga buri mwanya y’uko ashaka gukinira Real Madrid imbere y’uko agurwa na Manchester United i mbere na Real Madrid ngo yarigeze kumwipfuza rero ahejeje amasezerano na Manchester United kuberiki atoza muri Madrid?

Paul Pogba akaba yiyunze na United avuye muri Juventus aho yigeze kwandikisha amateka kw’isi yose nk’umukinyi ahembwa neza imiriyoni 89 z’ama Pounds mu mwaka wa 2016.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871