BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith arateramisha abantu i Kigali

Alvin Smith ngo akazi kamaze gutangura i Kigali. Ivyo nivyo uwo muririmvyi aheruka gushikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Uwo muririmvyi abarizwa muri kino gihe mu gihugu kibanyi c’Urwanda kuva mu mpera z’indwi yahera, yamaze gutangura gukora Media Tours, nk’uko yamaze kuboneka kuri cover yasangije abamukurikirana. Akaba yatanguriye mu nsamirizi Radio 10.

Uwo muririmvyi akaba hampande y’iyo Media Tours aza kwakirwa uno musi ku mugoroba mu kabare k’i hotel The keza aho haza kubera ico mu kinyamazuru bita Soirée. Iyo Soirée ikaba yateguwe n’umukinyi w’amareresi yitwa Natacha Ndahiro, nayo abatumire akaba ari Alvin Smith na Dj Briane.

Alvin akaba atanguye akazi mu gihe agishika mu Rwanda yabanje kuja mu gace kitwa Gisenyi, aho yari agiye kuryoherwa nk’uko twabashije kubibona ku mbuga asanzwe akoresha.

Mwomenya ko Alvin ategekanya gukorera ibikorwa muri ico gihugu, akanipfuza kuririmbana n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Bwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775