BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abana ba Esther Nish ngo baramutoranye

Abakobwa ba Esther Nish ngo baramutoranye, ivyo nivyo umuririmvyikazi Nishimwe aheruka kuyagira umwe muri bagenzi bacu.

Esther Nish ngo abonye abakobwa biwe aca yibona akiri muto, kuko ngo naho yaba ata majambo afise atonze umurongo, yama yumva yoririmba.

Nish mu kiyago na Nice Sky, yavuze ko kubona abana biwe canke abandi boririmba kuko babikuye kuriwe ngo n’iteka ridasanzwe kuko aba yumva ko yagize udushami hirya no hino.

Uwo mwanditsi wa Kavorivori yabwiye Sky ko indirimbo yiwe ya mbere yayanditse yiga mu mwaka wa 6 w’amashure y’intango, ngo niho yandika amajambo akumva yoha umuvyeyi ngo amurabire nimba amajambo atonze neza.

Nish akunzwe kwitwa Mama Lao, akaba ari umwe mu baririmvyikazi muri ino misi bifashe neza mu bikorwa vy’umuziki, ubona ko mu bigeme ari muri ba rutumwako mu birori bitandukanye hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775