BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Endo Mike ngo yitegwe vuba cane

Endo mike ngo inkumbu afitiwe n’abafana agiye kuzibamara vuba.

Akoresheje urubuga rwa Instagram, uwo muhinyanyuzi yigeze gukorana igihe kitari gito na Bantu Bwoy, yavuze ko naho yaragize igihe ari mu gacerere, ngo vuba ibikorwa vyiwe bishasha bigiye gushirwa ahabona.

Ubwo butumwa bukaba bwaje buvuye mu bibazo yabajijwe n’abafana biwe, aho yabaha umwanya wo kumubaza ibibazo.

Endo Mike yamenyesheje ko mu bikorwa bihari, harimwo ivyo yakoranye n’abaririmvyi baba mu gihugu ca CANADA, aho yasuhukiye, aho anasanzwe afise inzu y’ubuhinyanyuzi muhira.

Endo Mike yakoranye na Bantu Bwoy gushika aje muri CANADA, yavuze ko naho yatandukanye na Bantu Bwoy ubu akikorana, ariko uwo mugwi wagumye ari umuryango wiwe.

Endo Mike akaba azwiko gukora indirimbo zitari nke zakorewe muri Bantu Bwoy kuva itangura zakunzwe cane, zaba iz’abo muri Bantu Bwoy co kimwe n’abandi baba bagiye gukorerayo canke gukorera mu zindi nzu z’ubuhinyanyuzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775