BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Christian Ninteretse n’abiwe basubiyemwo “Ni Yesu” ya Yvan buravan

Umugwi w’abaririmvyi baririmba muri Ekereziya Gatorika i Kigali mu Rwanda, IL Vino di dio, utwarwa n’umwe mu batahukanye ikibanza ca 1 mw’ihiganwa Primusic, Ninteretse Christian, bashize hanze akaririmbo basubiyemwo karirimbwe n’umuhisi Yvan Buravan.

Ako karirimbo kari muri 2 twa nyuma Nyakwigendera yaheruka gushira ahabona, bakaba banagakoreye amasanamu, nk’uko wabashije kubibona.

Nta vyinshi babashije gushikiriza kuri ako karirimbo, atari uko kakozwe mu ntumbero yo kubandanya batsimbataza iragi rya Yvan Buravan yasezeye isi akiri muto cane.

Mwomenya ko uwo mugwi w’abaririmvyi ubarizwamwo abarundi n’abanyarwanda baba hano iwacu batari bake, ukaba ukorera mu rusengero rwa Saint Dominique i Kigali, mu gace kitwa Kacyiru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775