BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mu kibanza ca Kingorongo, B Face ahashize Alyn sano

Indirimbo NTA NDERO UGIRA ya B Face yari imaze imisi iriko iguvisha abatari bake harimwo n’abo basangiye umwuga ariko batabona kumwe ivyawo, ntigishizwe ahabona muri ino misi.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, B Face yamenyesheje ko iyo ndirimbo itakigiye ahabona kubera amasanamu yatakaye, aho umuhinyanyuzi yibwa imashini.

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ariko ko ata mutsi wishe ibere kuko afise ibikorwa bitari bike abitse, arivyo yaciye akuramwo iyo yabaye arashira ahabona kuri uyu wa mbere ariyo Ndakwikundira yakoranye n’umunyarwandakazi “Alyn sano”.

Iyo ndirimbo ikaba yasohoye mu minota 25 ya mbere y’isaha 3 z’igitondo co kuri uwu wa mbere, mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe abatari bake barimwo abamenyeshamakuru bakaba bari bamaze gutangura kumukeza muri Commentaire ko igikorwa ari ciza cane.

Mwomenya ko B Face yaheruka i Kigali mu bikorwa vyiwe aho binashoboka ko yakoreye amasanamu y’iyo ndirimbo, ariko hakaba hanabonetsemwo imodoka yavugishije benshi hano iwacu, kubera ubwiza bwayo, iri mu bwoko bwa Mustang.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775