BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B ngo yerekanye aho abantu bokura amakuru yiwe yizewe

Bizimana Aboubakar Karume benshi muzi nka Sat-B, ati urubuga rwanje n’uru rufise Bleu stick gusa, izindi ni fake.

Ukwo kwerura ko izo mbuga atari rwiwe ni inyuma y’aho abatari bake bamutungiye urutoke berekana ko ibiriko birakorwa ku mashusho y’uwo muririmvyi bitari vyiza, kuko hariko hakoreshwa isura yiwe igashirwa ku mafoto y’abandi bantu.

Ishusho yatanguye kuboneka ikaba ari ishusho y’umugwizatunga wo muri Nigeria aho yifotozanije n’abakobwa bambaye impuzu zikozwemwo ibihimba vy’irondoka vy’abagabo, aho bari baramutse baja gushingura umuvyeyi w’umwe muba Producers eka akaba n’umu Manager akomeye muri Nigeria DonJazz, noneho umuntu akurako umutwe w’uwo mugabo, haba hagiyeko uwa Sat-b, ivyavugishije abatari bake kuri izi mbuga.

Iyindi shusho ikaba iheruka gushirwa ahabona vuba, aho ubu hakoreshejwe ishusho ishobora kuba ari iy’umu Manequin bariko bamenyekanisha impuzu yari yambaye, noneho bamufotorera ku nkengera z’uruzi ruri hafi ya Tour Eifer i Paris mu Bufaransa.

N’aho abihakana hakaba harabuze ababona ko uwo muririmvyi ariko akoresha ubwo buryo ngo bikunde amenyekanishe ikintu, kuko muri kahise amaze gukoresha ibintu nk’ivyo, kugira avugwe kuko haba hariho igikorwa kanaka kiba kiriko kirategurwa gushirwa ahabona.

Muri iyo nduru y’ukutabona kumwe ishirwa ahabona ry’ayo mashusho, hakaba haciye hasohoka cover yerekana uburyo abantu bashobora gukoresha indirimbo za Sat-b ku bari muri Kenya, bakoresha Safaricom.

Izabashije kuboneka kuri urwo rutonde rwabonetse haba ku mbuga ziwe co kimwe no ku mbuga za Management yiwe haka harimwo indirimbo 2, Utamu na Beautiful, indirimbo za nyuma aheruka gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775