BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin ngo ntashobora gushira 5000$ muri clip video

Alvin Smith ngo ntashobora gusohora amafaranga angana n’amadorari y’abanyamerika 5000 ngo akore amasanamu y’indirimbo. Ivyo Alvin akaba aheruka kubishikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Uwo muririmvyi aheruka mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu bikorwa vy’umuziki, akaba ku bwiwe ngo ayo mafaranga ari umurengera, hako yoyashira mu bikorwa vyo gufata amasanamu yotuma aja kuyashira mu rudandazwa (Business).

Ivyo Alvin akaba yabishikirije inyuma y’aho umwe mu baririmvyi b’abarundi bagize imisi babarizwa mu gihugu ca Kenya, Monia Fleur, amubwiriye ko amadorari 2000 yariko yibaza ko azokenera kugira akore amasanamu y’indirimbo yakoranye na Bwiza aho aherukayo, ngo ari make cane, ahubwo ngo bashobora kumusaba 5000.

Alvin ubwo bucuruzi yavuze ko bwoba ari ubucuruzi bw’urumogi, akaba yagize Ati : “Asha irya wakoreye muri Nairobie ngira nayo nyene gusa je sinotanga mpfuma nuguruza Boutique idandaza weed”, aca ashirako ama Emoji yo gutwenga.

Aha mukibuka ko ikiganiro ca nyuma yakoreye muri ico gihugu yamenyesheje ko yagira atahe adatahanye ibikorwa yari yagiye kurondera ngo kubera amafaranga yari yamuheranye, akaba yasize avuze ko agarutse i Bujumbura kurondera amafaranga kugira azoce asubira inyuma guheraheza ivyo bikorwa.

Mwomenya ko Alvin yaguye mu yabira yumvise bamusavye amafaranga yababa 1,000,000 n’ukuvuga 300$ kugira bamukorere Audio gusa, mu gihe hano iwacu batarenza 60$ nukuvuga nk’ibihumbi amajana abiri, 200,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775