BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hagati ya Vichou Love na Olegue haraca uwambaye

Baraka Olegue benshi muzi nka OLG Olegue hamwe na Vichou love baraburira abantu bafise indirimbo bariko barategura gushira ahabona muri aya mezi 2 ari imbere, ko boraba bakazisohora ubu vuba kuko aya mezi 2 ngo ari ayabo.

Vichou akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, yashize ahabona ishusho aho yari afise urutoke ku munwa, ayiherekezesha amajambo, aho yaburira abaririmvyi agira ati:” Uwufise indirimbo atarasohora, video canke audio, nayisohore ubu! Kuko guhera November azoba ari jewe gusa! Ndakuburiye hakiri kare ntuze uvuge ngo sinakubwiye.”

Olegue we akaba yamenyesheje ko umuziki ugiye gusubira kandi kuryoha, kuko yagarutse, akaba yizeza abafana biwe ko hagati y’ukwezi kw’11 n’ukw’12, uwo muririmvyi azoshira ahabona indirimbo nshasha, akaba ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu gice ca story yagize ati :” Jewe Ndakaze, jewe simvugwa mw’izina. Umuziki ugiye kuryoha, uvyemere mugenzi! November canke December akazi gashasha! Amahoro kuri mwese.”

Ibi Olegue akaba yabishikirije mu gihe hari amakuru avuga ko yamaze kwinjira muri studio gukora indirimbo, kuko ngo gushika ubu afise indirimbo zishobora kumushitsa mu mwaka wa 2025, kuko uburoko yari amazemwo amezi 6, bwamuhaye akaryo ko kwandika izitari nke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775