BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mista Champagne araremvye kuri Tik-Tok

Mu gihe Mista Champagne yavuga ko we ariko arafasha, kuko yabisabwe n’abatari bake aho abagore baba muri Australia bihaye akamenyo mu kuvuga ibishirasoni ku mbuga za TikTok, agasaba abamukurikirana bagera ku 62,000 kuri TikTok kuja gu signala ama Compte TikTok y’abo bagore, umwe muribo ntiyamwihanganiye.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa TikTok umwe muri abo bagore, akaba yabwiye Mista Champagne ko ibibera ku mbuga zabo ngo bitamuraba, kuko kuri izo mbuga ngo bakora ivyo bashatse.

Uwo mugore azwi cane muri Community y’abavuga igiswahiri kuri TikTok nka DaNoNo, ntiyagarukiye ng’aho, kuko yanavuze ko Mista champagne ngo yari akwiye kubandanya araba ivy’abarundi gusa, kuko aba kongomani yabihakanye mu kuvuga ko ari umurundi.

Uwo mugore azwi cane mu kuvuga amajambo adasubirwamwo na benshi kuri izo mbuga, akaba kandi yanabwiye Mista Champagne ko yoraba akagenza make kuko biboneka ko ico agamije mu kuja kubasomborotsa ngo ari ukugira arabe ko indirimbo ziwe zirabwa gusumba.

Si ico gusa kuko uwo mugore yanabwiye Mista Champagne ko yobanza akiraba, kuko ngo bo nimba bavuga ivyo bita ibishirasoni kuri izo mbuga, ngo we nawe abicisha mu ndirimbo.

Ariko naho biruko, Mista Champagne we akaba atahagarikiye ng’aho, kuko yahavuye anakora izindi video zivuga kuri ivyo, aho yaneretse abamukurikira uko babikora mu gu signala izo Compte avuga ko ziriko zigisha ibishirasoni abana bakiri bato babarizwa kuri izo mbuga.

Inyuma y’itanguzwa ry’iyo ntambara atawuzi uko izohera, hakaba haguma haboneka ama video atandukanye aburira Mista Champagne ko yari akwiye gushira amaboko hejuru akareka uwo mugore, kuko atazomushobora, aho bamwe bamwe banavuga ko bari bamuburiye ngo arabire hirya ibibera kuri izo mbuga, nayo ahandi ngo bizomuhitana.

Mwomenya ko hampande aho uwo muririmvyi ngo afitaniye indirimbo n’umwe mu baririmvyi b’aba Tanzania kandi ko ngo ashobora kuba ari mu nzira aja gukora amasanamu y’iyo ndirimbo muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775