abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Uburundi bushobora gukina urukino rwa kivandimwe na Côté d’Ivoire

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba ushobora gukina urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Côté d’Ivoire .

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi mugihe yarariko atanga ikiganiro ku banditsi hamwe n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 31 Gitugutu 2022 ku kibuga Intwari .

Mwomenya ko Uburundi buheruka gukina urukino rwa kivandimwe na Liberia mu kwezi kwa Ntwarante muri uno mwaka w’i 2022 , aho Uburundi bwatsinze ibitsindo 2–1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321